Uko wahagera

Isirayeli: Umupfasoni Wa Netanyahu Arakurikiranwa


Sara Netanyahu, Umupfasoni w'umushikiranganji wa mbere wa isirayeli Benyamin Netanyahu
Sara Netanyahu, Umupfasoni w'umushikiranganji wa mbere wa isirayeli Benyamin Netanyahu

Ibinyamakuru vyo mu gihugu ca Israeli bitangaza ko igipolisi cegetse ivyaha ku mukenyezi wa ministre wa mbere w’ico gihugu, Benjamin Netanyahu vyo gukoresha amafaranga ya reta mu bikorwa vy’umuryango wabo.

Sara Netanyahu, yagirizwa gukoresha amafaranga y’igihugu mu kuriha abariko bacungera se wiwe amuvyara imbere yuko asandaba.

Yagirizwa kandi gukoresha ayo mafaranga mu kuriha abakoze umuyagankuba mu nzu yabo bwite iri ahitwa Kayisariya.

Ivyo vyaha vyose uwo mutambukanyi wa Netanyahu arabihakana.

Ayo makuru avuga ko ivyo vyashizwe ahabona n’uwahoze akora ibikorwa vyo mu rugo rw’uwo muryango wa Ministre wa mbere Netanyahu.

XS
SM
MD
LG