Uko wahagera

Abishe Abasivile muri Sudani Boba Bagiye Kubihanirwa


Jeneral Mohamed Hamdan Dagalo, avugira akanama ka gisirikare kari ku butegetsi muri Uganda

Umutegetsi akomeye muri Sudani yashikirije ejo kuw’Imana ko abasirikare bishe abari mu myiyerekano mu ntango z’uku kwezi bagiye kuzorungikwa kunyongwa.

Jenerali Mohamed Hamdan Dagalo, icegera c’uwurongoye akanama ka gisirikare karongoye igihugu yabishikirije kuri televiziyo y’igihugu.

Abantu barenga 100 barishwe ico gihe ku murwa mukuru Khartoum, nkuko bishikirizwa n’abaganga bari mu batunganije iyo myiyerekano, mu gihe ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwo buvuga ko abapfuye mu gihugu cose ari 61.

Ku musi wa kane, umuvugizi w’akanama ka gisirikare karongoye igihugu Jenerali Shamseddine Kabbashi yarashikirije ko yababajwe n’ivyabaye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG