Uko wahagera

Sudani: ONU Isaba Amatohoza kw'Ihohoterwa Ryakorerwe Abiyerekana


Hamwe mu hakorewe imyiyerekano ku murwa mukuru Khartoum, muri Sudani
Hamwe mu hakorewe imyiyerekano ku murwa mukuru Khartoum, muri Sudani

Abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bafise impungenge ko igihugu ca Sudani kiriko kija mu manga ku bijanye n’agateka ka muntu. Ivyo inyuma yuko inteko zijejwe umutekano zikoresheje inguvu z’umurengera ku bari mu myiyerekano ku murwa mukuru, Khartoum.

Abahinga bagenywe n’urwego rw’ishirahamwe ONU rujejwe agateka ka muntu, rwasavye uno musi ku wa gatatu ko haba itohoza ryigenga kw’ityozwa ry’agateka ka muntu ryakorewe abari mu myiyerekano muri Sudani.

Itangazo ry’abahinga ba ONU rivuga ko batewe impungenge n’amakuru avuga ko abantu batari bake bishwe kuva kw’italiki 3 z’ukwezi kwa gatandatu. Ico gihe inteko zijejwe umutekano zakoresheje inguvu z’umurengera mu gushwiragiza abari mu myiyerekano imbere y’icicaro c’igisirikare ca Reta ku murwa mukuru, Khartoum.

Abari mu myiyerekano basaba ko igisirikare cihutisha gushikiriza ubutegetsi abasivile. Yamara abasirikare bakuru bayoboye igihugu muri iki gihe baravyiyamirije.

Inyuma y’inguvu z’umurengera zakoreshejwe n’inteko zijejwe umutekano, abari mu myiyerekano basavye ukugarariza akazi mu n’amategeko mu gihugu cose.

Yamara kuva ico gihe, amamangazini n’ibindi bibanza bigirirwamwo imirimo y’ubudandaji vyarasubiye kwugurura, kandi hari uruja n’uruza kurushiriza mu mabarabara yo ku murwa mukuru, Khartoum.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG