Uko wahagera

Igisirikare ca Sudani Kiremanga Ubwicanyi Bwakorewe Abasivile


Umuvugizi w'akanama k'igihugu k'imfatakibanza Liyetena General Shams El-Din Kabbashi mu kiganiro n'abanyamakuru, i Khartoum, itariki 07/05/2019.
Umuvugizi w'akanama k'igihugu k'imfatakibanza Liyetena General Shams El-Din Kabbashi mu kiganiro n'abanyamakuru, i Khartoum, itariki 07/05/2019.

Akanama ka gisirikare karongoye igihugu muri Sudani ku ncuro ya mbere karemeye ko kasambuye ibigwi vy’abantu bari bagandagaje I Khartoum mu myiyerekano, aho abatari bake bahasize ubuzima, mu gihe kandi Reta y’Amerika hamwe n’abadiplomate b’abanyafrika batanguye utwigoro two kuronderera inyishu uruhagarara rwa politike mur’ico gihugu.

Umuvugizi w’ako kanama, Shamseddine Kabbashi ariyemerera ko hatanzwe itegeko kuba komanda gushiraho umugambi wo gusambura iyo myiyerekano, kandi ngo barabishitseko ariko arababazwa n’amakosha yabaye.

Kabbashi yavuze ko amatohoza kuvyabaye ashobora gushirwa ahabona ejo kuwa gatandatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG