Uko wahagera

UA Yongeye Iminsi 60 Abasirikare ba Sudani yo Gutanga Ubutegetsi


 Abakuru b'ibihugu bigize umuryango w'ubumwe bw'Afrika i Addis Abeba muri Etiyopiya.
Abakuru b'ibihugu bigize umuryango w'ubumwe bw'Afrika i Addis Abeba muri Etiyopiya.

Ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika ryongeye abategetsi ba gisirikare muri Sudani iyindi misi 60 kuzoba bamaze guha ubutegetsi abasivile, bitabaye uko ico gihugu gikurwe mur’uyo muryango. Ivyo bishikirijwe inyuma y’aho ikiringo ca mbere ubumwe bwa Afrika bwari bwahaye Sudani kitubahirijwe.

Mu rwandiko rwasohowe kuwa kabiri, akanama kajejwe amahoro n’umutekano mur’uyo muryango kavuze ko kababajwe nuko abasirikare batakinjuye ku butegetsi kandi ko batabushikirije abasivile mu kiringo bari bahawe.

Ubumwe bw’Afrika bwari bwaragabishije gukura Sudani mur’uyo muryango, inyuma y’itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Omar al-Bashir n’abasirikare, abasirikare bahabwa imisi 15 kuzoba bahaye ubutegetsi abasivile, iyo minsi yarangiye ejo kuwa gatatu.

Abakora imyiyerekano muri Sudani barabandanya bashavuza abasirikare mu gihe kuri uyu wa kane bahamagaye amasinzi y’abayoboke babo mu myiyerekano, aho bagiriza abategetsi ba gisirikare kuba bafata minenerwe ivyo guha ubutegetsi abasivile.

Impande zibiri zihanganye, zisa n’uko zitarumvikana kubazoziserukira mu kanama kazoba kararongoye igihugu ivy’imfatakibanza kazosubirira akanama kihaye ubutegetsi inyuma y’aho Bashir akuriwe ku butegetsi kw’itariki 11 z’ukwezi kwa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG