Uko wahagera

UA Isaba Guha Ubutegetsi Abasivile ba Sudani Hatarenze Imisi 15


Umukuru wa komisiyo y'ubumwe bwa Afrika Moussa Faki Mahamat
Umukuru wa komisiyo y'ubumwe bwa Afrika Moussa Faki Mahamat

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yagenye umuhanuzi adasanzwe Nicholas Haysom gufasha mu twigoro tw’umuryango w’ubumwe bwa Afrika mu biganiro vyo kwumvikanisha muri Sudani, aho igisirikare cakuye ku butegetsi perezida Omar al-Bashir mu ndwi iheze.

Umuvugizi wa ONU Stephane Dujarric yashikirije ejo kuwa kabiri ko uwo muhanuzi azofashanya n’ubumwe bwa Afrika mu bikorwa vyo kwumvikanisha reta mfatakibanza y’i Khartoum hamwe n’imirwi y’abo muri sosiyete sivile muri Sudani.

Haysom yar’intumwa ya ONU muri Somaliya, ariko yarirukanwe na Reta ya Somaliya inyuma y’amezi ane, aho yariko agerageza gufasha uwahoze ari indongozi ya al-Shabab yagira yitoze mu nyuma yankirwa na komisiyo y’amatora muri Somaliya.

Haysom, umushingwamanza w’umunyafrika y’epfo, yabanje kuba intumwa ya ONU idasanzwe muri Sudani na Sudani y’ubumanuko kandi yari arongoye umurwi wa ONU muri Afuganistani.

Akanama k’amahoro n’umutekano mu muryango w’ubumwe bwa Afrika kararungitse ubutumwa bukomeye bunegura ukwigarurira ubutegetsi kw’abasirikare muri Sudani, babasaba guha ubutegetsi reta mfatakibanza irongowe n’abasivile mu minsi 15.

Mu gihe batobikora, Sudani yoca ihagarikwa mu bikorwa vy’uwo muryango vyose gushika ibwirizwa nshingiro ryubahirijwe.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG