Uko wahagera

Kardinal George Pell Yaciriwe Igifungo c'Imyaka 6


Kardinal George Pell agira ashikirize ijambo i Vatikano, italiki 29/06/2017.
Kardinal George Pell agira ashikirize ijambo i Vatikano, italiki 29/06/2017.

Kardinal w’umunya Australiya, George Pell, umutegetsi akomeye cane i Vatikano yaciriwe igifungo c’imyaka itandatu ku vyaha bifatiye ku busambanyi.

Uwo yahoze ari umukuru w’ivy’ubutunzi i Vatikano kandi yari umuhanuzi wa Papa fransisiko ahowe gufata abahungu babiri b’abaririmvyi muri korale ku nguvu muri katedrale y’i Melbourne muri Australiya, haraheze imyaka irenga 20.

Ivyo vyaha yagirizwa ko yabikoze haheze amezi make agenwe kuba Arkibishope w’i Melbourne.

Pell hamwe n’abamuburanira bategekanya kwunguruza urubanza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG