Uko wahagera

Kongo Yiyamirije Akamo k'Afrika Yunze Ubumwe


Inama yihutrwa y'umuryango w'Afrika yunze ubumwe yateraniye Addis Abeba muri Etiyopiya tariki ya 17/1/2019
Inama yihutrwa y'umuryango w'Afrika yunze ubumwe yateraniye Addis Abeba muri Etiyopiya tariki ya 17/1/2019

Abategetsi bo muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo, uyu musi ku wa gatanu, biyamirije akamo katewe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, gasaba kwigiza inyuma ingingo yo gutangaza ibiharuro vya nyuma vyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu.

Mw’itangazo ritari ryitezwe, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryasohoye ejo ku musi wa kane, ryasavye ko gutangaza ivyavuye mu matora vyondirizwa kubera hari ibibazo vyinshi bidasobanutse vyerekeye ukuntu ayo matora yatunganijwe.

Bitegekanijwe ko ibiharuro vya nyuma bitangazwa inyuma y’aho sentare y’igihugu ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro izoba imaze guca urubanza rwashinzwe, rusaba guhakana ivyavuye mu matora.

Vyitezwe ko iyo sentare ishigikiriza ingingo ku rubanza rwari rwashinzwe na Martin Fayulu uyu musi ku wa gatanu canke ejo ku musi wa gatandatu.

Umuvugizi wa reta ya Congo Lambert Mende yavuze ko ata rwego na rumwe canke igihugu na kimwe gifise uburenganzira bwo gutegeka ubutungane bw’igihugu ce ku ngingo butegerezwa gufata.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG