Uko wahagera

Afrika Isaba Kongo Kurindira Gutangaza Amajwi y'Amatora


Moussa Faki, mokambi umukuru wa Komisiyo y'ubumwe bwa Afrika ku cicaro ca ONU, na perezida Paul Kagame arongoye ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika, Addis Abeba, Etiyopiya, italiki 17/01/2019.
Moussa Faki, mokambi umukuru wa Komisiyo y'ubumwe bwa Afrika ku cicaro ca ONU, na perezida Paul Kagame arongoye ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika, Addis Abeba, Etiyopiya, italiki 17/01/2019.

Abakuru b’ibihugu n’amareta vya Afrika bemeranije kurungika mu maguru masha intumwa zo ku rwego rwo hejuru kubonana n’abafise uruhara mu biriko birabera muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, mu ntumbero yo kurondera inzira yo kuva mu kutumvikana ku vyavuye mu matora.

Ivyo biri mw’itangazo ryasohowe, inyuma y’umubonano wahuje ejo kuwa kane umukuru w’umuryango w’ibihugu vya Afrika, akaba n’umukuru w’igihugu c’u Rwanda Paul Kagame, hamwe n’abakuru b'ibihugu bihurikiye mu mashirahamwe atandukanye ku mugabane wa Afrika, SADC, ICGLR, EAC, CEEAC, IGAD, na CEDEAO ku cicaro c’ubumwe bwa Afrika i Addis Abeba, muri Etiyopiya, yari itumbereye guhanahana ivyiyumviro ku gihugu Republika iharanira demokarasi ya Kongo inyuma y’amatora yo kuwa 30 ukwezi kwa cumi na kabiri 2018.

Abo bakuru b’igihugu n’amareta basaba ko hoba harabangirwa gutangaza ibiharuro vya nyuma vyavuye muri ayo matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG