Uko wahagera

Malala Azohabwa Agashimwe na Kaminuza Harvard


Malala Yousafzai yatsindiye agashimwe ka Nobel ariko arafunga igitambara mu mutwe yitegurira gutanga ikiganiro n'abamenyeshamakuru i Islamabad, muri Pakistani, itariki 30/03/2018.
Malala Yousafzai yatsindiye agashimwe ka Nobel ariko arafunga igitambara mu mutwe yitegurira gutanga ikiganiro n'abamenyeshamakuru i Islamabad, muri Pakistani, itariki 30/03/2018.

Malala Yousafzai, umwigeme yamuka muri Pakistani yaremereye agashimwe kitiriwe Gleitsman gatangwa na kaminuza Harvard yo muri Reta zunze ubumwe z'Amerika ku bikorwa yakoze vyo guteza imbere inyigisho z’abana b'abakobwa.

Kaminuza Harvard ivuga ko Yousafzai azohabwa ako gashimwe k’uyu mwaka wa 2018 mu birori bizotunganwa mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Yousafzai yabaye umuntu muto mu myaka yatsindiye agashimwe kitiriwe Nobel mu mwaka wa 2014, igihe yashimirwa ku bikorwa yakoze vyo gufasha guhimiriza abana bose ngo baje mu mashure.

Igihe yari umuyabaga muri Pakistani, Malala yararokotse agira agandagurwe n’abatalibani. Mu nyuma yaciye ashinga ishirahamwe ridaharanira inyungu ritororokanya amafaranga yo gufasha igikorwa ciwe.

Abategetsi ba kaminuza Harvard bavuga ko intahe ziwe zatumye urunganwe rwiwe rw’abahungu n’abakobwa bamwigana mu vyo akora. Agashimwe “Gleitsman” gaciye ibihumbi 125 vy’amadolari, gahabwa abateje imbere ubuzima bw’abantu kw’isi.

Yousafzai, ubu afise imyaka 20, yiga kuri kaminuza ya Oxford mu Bwongereza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG