Uko wahagera

Malala Yasuye Pakisitani


Malala Yousafza, yatsindiye agashimwe ka Nobel yagarutse uno musi ku wa kane mu gihugu ciwe c’amavuko ca Pakistani. Ni inyuma y’imyaka igera kuri itandatu inyuma yuko arashwe n’intagondwa z’Abayislamu mu gice akomokamwo ca Swat kiri mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu, kubera yavugira gushira abana b’abakobwa mu mashule.

Malala Yousafzai, afise imyaka 20 mur’iki gihe, yabonanye n’umushikiranganji wa mbere wa Pakistani, Shahid Khaqan Abbasi amasaha makeyi inyuma yuko ashitse n’indege ku murwa mukuru, Islamabad.

Mw’ijambo yashikirije, ryaciye ku mateleviziso mu gihe ryariko riraba, Malala yatangaje ko yamye yipfuza kugaruka muri Pakistani n’ukuja mu gice ciwe c’amavuko.

Yatangaje ko kugaruka mu gihugu ciwe c’amavuko inyuma y’imyaka itanu n’igice ari akamwemwe kadasanzwe kuriwe.

Malala yari atahutse avuye kw’ishule mu kwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2012 igihe abantu bitwaje ibirwanisho bari bihishije mu maso bahagarika bisi y’ishule yarimwo, bamurasa mu mutwe.

Yaragize ibikomere bitari bike mu mutwe. Inyuma yuko avuwe mu buryo bwihutirwa mu bitaro vy’igisirikare vyo muri Pakistani, mu nyuma yajanywe i Londres mu Bwongereza kwibagisha.

Abatalibani bo muri Pakistani bariyitiriye ico gitero cagizwe kuri Malala. Bakaba biyemeje kurondera kumwica kandi. Barashigikiye ingingo yabo mu kuvuga ko Malala avugira imico n’imigenzo y’abazungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG