Uko wahagera

Kenya: Malala Avugira Impunzi Muri Kenya


Malala Yousafza ari mw'ikambi y'impunzi y'i Dadaab muri Kenya.
Malala Yousafza ari mw'ikambi y'impunzi y'i Dadaab muri Kenya.

Umwigeme Malala Yousafzai w’umunyepakistani aheruka gutahukana agashimwe kitiriwe Nobel ahamagarira reta ya Kenya guhagarika umugambi wayo wo kwugara ikambi y'impunzi iri ahitwa Dadaab igwiriyemwo abanyesomaliya bahunze ubwicanyi bwa Al Shabab.

Ivyo Malala yabishikirije kuwa kabiri igenekerezo rya 12 z'uku kwezi aho yari yagendeye iyo kambi irimwo impunzi zirenga ibihumbi 300, ari nayo yambere kw'isi mu bunini.

Reta ya Kenya yatangaje ko igiye kwugara iyo kambi mu mpera z'uyu mwaka, mu kuvuga ko ibitero vy’umugwi w’iterabwoba wa Al Shabab bigabwa k’ubutaka bwa Kenya bitegurirwa mur’iyo kambi.

Malala yamenyesheje ko ata n’umwe akwiye gusubizwa muri Somaliya cane cane abana b’abakobwa ata handi bafise ivyizigiro vyo kubandaniriza amashure atari mw’ishure riri mur’iyo nkambi rifashwe mu mugongo na ONU.

Malala yatanguye kumenyekana inyuma y’aho abarwanyi b’aba Talibani muri Pakistani bamurasiye mu mutwe mu mwaka w’2012 bamuhora kuvugira abana ngo baje mu mashure. Ninaco catumye aronswa agashimwe kitiriwe Nobel mu mwaka w’2014.

XS
SM
MD
LG