Uko wahagera

USA: Batandatu Barishwe n'Igihuhusi Michael


با آغاز حملهٔ روسیه به اوکراین، شماری از شهروندان اوکراین مجبور شدند تا به کشورهای همسایه پناه ببرند.
با آغاز حملهٔ روسیه به اوکراین، شماری از شهروندان اوکراین مجبور شدند تا به کشورهای همسایه پناه ببرند.

Abantu batandatu mu mareta atatu gushika ubu ni bo bamaze kumenyekana ko bishwe n’igihuhusi kivanze n’imvura nyinshi ciswe Michael. Ico cateye amareta yo mu bumanuko bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika, cane cane iya Florida.

Igihuhusi Michael ni co kibaye igikomeye giciye muri ako kerere, kandi ni ica gatatu gikomeye giteye Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Buramatari wa Florida Rick Scott asaba abanyagihugu biwe kuguma mu mihana yabo kugira bashobore gufashwa neza.

Perezida Donald Trump yavuze ko ategekanya kugendera ibice vyasinzikaye mu maguru masha.

Igihuhusi Michael caranasambuye kandi ibitari bike mu burengero bwa Cuba hamwe no muri Amerika yo hagati imbere y'uko gishika muri Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Abashika kuri 13 ni bo bavugwa ko bapfuye mu bihugu vya Salvador, Honduras na Nicaragua.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG