Uko wahagera

Abaharanira Agateka ka Muntu Basaba ko Uburundi Bwafatirwa Ibihano


Pierre Claver Mponimpa
Pierre Claver Mponimpa

Abanywanyi b’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike mu Burundi bari mu buhungiro basavye ko amakungu yafatira ibihano intwaro y’i Bujumbura. Ivyo mu ntumbero y’ugutuma iganira ku bibazo vya politike vyatumye igihugu cicamwo ibice.

Umwe mu bayobozi b'ayo mashirahamwe, Pierre Claver Mbonimpa aharanira agateka ka muntu avuga ko amajambo gusa adahagije, ko ari ukuyashira mu bikorwa.

Ivyo Mbonimpa yabitangarije mu kiganiro n’abamenyeshamakuru categuwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rirahanira agateka ka muntu, “Federation Internationale des Droits de l’Homme”, mu mpfunyapfunyo, FIDH, i Paris ku murwa mukuru w’Ubufransa uno musi kuwa kabiri.

Ishirahamwe FIDH ryariyamirije mu cegeranyo caryo casohotse, uno musi ku wa kabiri, iterabwoba ryagizwe ku banyagihugu kugira batore, “Ego” mu matora kw’ibwirizwa shingiro rihinyanyuye. Iryo shirahamwe rivuga ko abantu bishwe, abandi bikekwa ko batavuga rumwe na Reta barakubitwa canke barahagarikwa mu buryo budaciye mu mategeko.

Umushingantahe Mbonimpa asigura ko amatora kw’ibwirizwa shingiro rihinyanyuye azoba kw’italiki 17 z’uku kwezi azozimanganya burundu amasezerano y’i Arusha yari yagarukanye amahoro n’ukwumvikana hagati y’Abarundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG