Uko wahagera

Trump Akomeje Gushigikira umukandida Yagirizwa Ubushurashuzi


Perezida wa Amerika Donald Trump
Perezida wa Amerika Donald Trump

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yashikirije ubutumwa bucishwa ku matelefone y’abanyagihugu, aho yasavye abanyagihugu bo muri Reta ya Alabama gushigikira umurepublika, Roy Moore mu matora y’uno musi ku wa kabiri.

Perezida Trump avuga kw’intambwe zose bamaze gushikako zizohagarikwa niyo umudekomokrate, Doug Jones yatsinda y’ubusanateri.

Perezida Trump avuga mur’ubwo butumwa ko Roy Moore ariwe muntu bakeneye kugira afashe gutuma imigambi yiwe y’ugusubiza agateka Amerika irengana.

Perezida Trump yarihojeje ivyagirizo vyashikirijwe n’abapfasoni babiri ,bari mu myaka ya mirongo itanu mur’iki gihe, vy’uko Roy Moore yabakoze ko badashaka mu ntumbero y’ukubashurashuza igihe bari bakiri bato.

Ico gihe Roy Moore yari mu myaka yo muza mirongo itatu.

Perezida Trump avuga ko Doug Jones, yahoze ar’umushikirizamanza ku rwego rw’igihugu yoba igikoresha c’abademokrate babiri, Charles Schumer ayoboye abademokrate mu nama nkenguzamateka na Nancy Pelosi ayoboye abademokrate mu nama nshingamateka. Amenyesha ko bakeneye Roy Moore azoba ari ku ruhande rwabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG