Uko wahagera

Abashika 4 Bishwe n'Imvura muri Colombiya


Perezida wa Colombiya, Juan Manuel Santos ariko agengera uturere twasinzikajwe n'imvura.
Perezida wa Colombiya, Juan Manuel Santos ariko agengera uturere twasinzikajwe n'imvura.

Abantu bashika bane barapfuye abandi 18 baraburwa irengero mu bumanuko bushira uburengero bwa Colombiya basenyukiweko n’imizosi bitewe n’imvura nyinshi yaguye mur’ico gihugu ku musi wa kabiri.

Amasi yama yasenyutse mu bice vyo mu gihugu hagati muri Colombiya birwiriyemwo imisozi mu bihevy'umwaka vy’imvura. Mu kwezi kwa kane abantu barenga 300 barapfuye basenyukiweko n’imisozi i Mocoa, Putumayo.

Perezida Juan Manuel Santos yaragendeye ako karere kur’uyu wa gatatu yemerera imfashanyo abanyagihugu bashika ibihumbi 30 batagira ic’epfo n’ica ruguru mugihe hakironderwa ababuze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG