Uko wahagera

Abahitanwe n'Imvura muri Kolombiya Bashitse 254


Ibitigiri vy’abahitanwe n’ivyondo vyazanwe n’imvura yaguye k’umusi wa gatanu muri Kolombiya bimaze gushika ku 254.

Ivyo vyatangajwe na Perezida, Juan Manuel Santos kur’uyu w’Imana kandi amenyesha ko 43 muri bo ari abana. Ibikorwa vyo kurondera abahambwe n’iyo mvura biracabandanya.

Iyo mvura yaguye mw’ijoro ryo k’umusi wa gatanu yatumye inzuzi zitatu zo mugisagara ca Mocoa kiri mu bumanuko bushira uburengero zuzura zihitana amazu n’ivyo zasanze munzira.

Perezida Santos yasezeranye ko reta yiwe izokora ibishoboka vyose kugira ifashe imiryango yabuze abayo ndetse n’abahaburiye ibitari bike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG