Uko wahagera

Ubwato Bwaribiye Abashika 6 Barapfa muri Kolombiya


Abasirikare n'abafasha kurokora abantu bari aho ubwato bwibiriye i Guatape muri Kolombiya
Abasirikare n'abafasha kurokora abantu bari aho ubwato bwibiriye i Guatape muri Kolombiya

Abantu bashika batandatu barapfuye abandi 31 ntibazi irengero ryabo inyuma y’aho ubwato bwarimwo abashika 170 bwibiriye mu kiyaga ca El Penol de Guatapé, ikibanza gihurumbirwa n’abamukerarugendo m’Uburaruko bushira uburengero bwa Kolombiya, nk’uko amakuru ava mu gisirikare c’ico gihugu abivuga.

Perezida Juan Manuel Santos yashitse ahabereye iryo bara yabwiye abamenyeshamakuru ko abapfuye bose ar’abanyagihugu ba Kolombiya

Ubwo bwato buvugwa ko bwibiye kur’uyu w’Imana k’umuhingamo, mur’ico kibanza kiri ku birometero 68 uva k’umurwa mukuru Medellin.

Abajejwe gutabara bavuga ko gushik’ubu icatumye iryo sanganya riba kitaramenyekana ariko umugore umwe ari mu barokotse yavuze ko har’igice c’ubwo bwato carimwo abantu b’umurengera kandi ubwo bwato bwarimwo n’abana benshi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG