Uko wahagera

Libiya: 60 ni bo Bahitanywe na Bombe kuri Polisi


Mu gihugu ca Libiya, abantu mirongo itandatu nibo basize ubuzima abandi bashika amajana abiri barakomereka igihe ikamyo yarimwo ikibombe yaturikira ku kigo gitanga inyigisho kubapolisi kiri mu buraruko bushira uburengero bw’igisagara ca Misrata.

Abategetsi ba Libiya bamenyesha ko iyo bombe yaturitse ejo kuwa kane mugihe abapolisi bashika amajana ane baheruka kwinjizwa bari bakoraniye hamwe muri kaminuza ijejwe gutanga inyigisho ku gipolisi mu gisagara ca Zliten.

Nta murwi n’umwe uriyitirira ico gitero gushika ubu. Nico kibaye igitero ca bombe cishe abantu benshi kuva aho Perezida Muammar Kadhafi akuriwe ku butegetsi mu mwaka w’2011.

Inyuma y’aho hari iyindi bombe yaturikiye mu modoka ahitwa Ras Lanouf mu buseruko bw’igisagara ca Sirte, ihitana abantu batandatu, abashika cumi n’umwe barakomereka.

Igisagara ca Ras Lanouf n’ikivuko kigandarizwamwo igitoro c’ahitwa Es Sider bimaze iyi ndwi bigabwamwo ibitero n’umuhari wa Etat Islamike.

Reta zunzubumwe za Amerika ziyamirije ivyo bitero

XS
SM
MD
LG