Ibihugu bikomakomeye kw’isi vyaraye birangije inama kumwe n’imigwi itavuga rumwe mugihugu ca Libiya. Bemeje ingingo y’uko bashigikiye umugambi wuko hashingwa reta igizwe na bose ishigikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Intumwa ziva mu bihugu 17, n’amashirahamwe 4 akomeye kw’isi, yagiranye inama n’abategetsi ba Libiya, I Roma mu Butaliyani ejo ku musi wa mungu. Iyo nama yari iyobowe n’umushikiranganji w'Amerika ujejwe imigenderanire n’amahanga John Kerry kumwe na mugenzi we w’Ubutaliyano Paolo Gentiloni.
Iyo nama ibaye mugihe amareta abiri muri Libiya atumvikana yariteguriye gupfundika amasezerano ya reta igizwe na bose muri Maroc ku musi wa gatatu w’iyi ndwi.
Mu kiganiro abashingantahe Kerry, Gentiloni n’intumwa ya ONU Martin Kobler, bagize n’abamenyeshamakuru, Kerry yavuze ko hageze ko inzitizi zose zikugwaho kugira, haboneke intambwe muri kazoza keza ku gihugu ca Libiya.
Kerry yavuze ko urwandiko rwashizweko urukumu n’ivyo bihugu bikoma komeye kw’isi I Roma, rwasavye ko impande zose zemere gushira ibigwanisho hasi mu buryo buboneka, nyuma yaho amasezerano y’umwumvikano azoshigwako urukumu.