Uko wahagera

Reta y’Uburundi Irashima Ukuntu Amatora Yagenze


Umuhanuzi mukuru wa president Pierre Nkurunziza avuga kw’amatora y’umukuru w’igihugu yabaye ku musi wa kabiri itariko 21, yagenze neza.

Willy Nyamitwe, yabwiye iradiyo Ijwi rya Amerika kw’abarundi bitavye amatora ari benshi kandi kw’ayo matora yabaye mu mutekano ntangere.

Umushingantahe Nyamitwe yararagize ico avuga kandi kw’itangazo ryasohowe na reta zunze ubumwe za amerika, rivuga kw’ayomatora y’umukuru w’igihugu adashobora kwemerwa.

Yavuze kw’ibibazo bijanye n’amarota ar’ibibazo biraba Uburundi kuko Uburundi ar’igihugu cigenga.

Yaranavuze ku birego bitaratohozwa bivuga kw’igihugu c’Urwanda coba gishigikiye imirwi y’abarundi itera Uburundi

Tumutege amatwi

please wait

No media source currently available

0:00 0:07:32 0:00

XS
SM
MD
LG