Uko wahagera

Mu Burundi ubwicanyi bukomeje kwibasira abatavuga rumwe n’ubutegetsi


Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bakomeje gukorerwa ubwicanyi. Polisi ivuga ko irimo gukora amaperereza kugirango abakoze ubwo bwicanyi bazabibazwe.

Mu Burundi ubwicanyi bw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi burabandanya kwibonekeza, mu gitondo co kur’uyu wa kane hishwe umunywanyi wa FNL ya Agathon Rwasa uzwi ku izina rya Idrisa yiciwe kukazi aho yahora akora mu ruganda Meterusa.

Uwo aje akurikira uwundi yari yiciwe mu Kinama muri Bukirasazi mw’ijoro ryo wa gatatu italiki 22 ukwezi kw’indwi isaha zibiri.

Ndereyimana Emmanuel nawe nyene yari umunywanyi wa FNL ya Agathon Rwasa.

Abanyagihugu basaba amahoro mu Burundi kuko ngo abapfakazi bamaze kuba benshi. Ni inkuru y’umunyamakuru w’ijwi ry’AmerikaTabitha Mukamusoni.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:52 0:00

XS
SM
MD
LG