Umukuru w’inama ya komine Mutimbuzi, mu ntara ya Bujumbura Rural, yarishwe. Phocas Bakaza yishwe mw’ijoro ryo kur’uyu wa gatatu, arasiwe I muhir’ iwe muri karitsiye Kajaga n’abantu batamenyekanye.
Amakuru atangwa n’umuryango wiwe, avuga ko hari nk’igihe c’isaha 2 z’ijoro zirenga iminota 30, igihe yar’araherekeje uwari yamugendeye.
Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Burundi Evariste Nzikobanyanka ni we we wakurikiranye iyi nkuru.