Uko wahagera

Touadera Yashinze Leta Nshasha Muri Santrafirika


Umukuru w’igihugu ca Republika ya santrafirika aheruka gutsinda amatora, Faustin-Archange Touadera, yarashinze leta yiwe ya mbere mu kigoro ko gusubiza hamwe abanyagihugu bari bamaze imyaka mu ndyane z’amoko.

Mur’iyo leta yagenye kuwa mbere, Touadera yahaye amabanga abashikiranganji bava mu bamushigikiye hamwe n’abatavuga rumwe nawe ariko nta mabanga yahaye abanywanyi b’idini rya isilamu hamwe n’imigwi y’abarwanyi bo mw’idini y’abakirisitu bagize uruhara mu bwicanyi buhitiye mur’ico gihugu.

Mur’iyo leta nshasha harimwo bamwe mu bashikiranganji bahoze muri leta ihavuye ya Francois Bozize.

Igihugu ca Republika ya Santrafirika cinjiye mu ruhagarara kuva mu ntango z’umwaka w’2013 aho abarwanya reta bo mw’idini y’aba isilamu ba Seleka birukaniye Perezida Bozize k’ubutegetsi.

Abanyagihugu bashika k’umuliyoni barateshejwe izabo, igihugu cicamwo ibice hisunzwe amoko hamwe n’amadini.

XS
SM
MD
LG