Uko wahagera

Somaliya: Abategetsi Bakomeye ba al-Shabab Bishwe


Abarwanyi b'umurwi al-Shabab
Abarwanyi b'umurwi al-Shabab

Inteko zijejwe gucungera umutekano z’umuryango w’ubumwe bwa Afurika, zizwi kw’izina rya AMISOM, n’inteko za reta ya Somaliya zishe abategetsi bakomeye mu vya gisirikare b’umurwi al-Shabab mu ntara ya Shabelle.

Abategetsi batandatu bakomeye mu vya gisirikare b’umurwi al-Shabab bishwe uno musi ku wa kabiri.

Itorokanirizo ry’amakuru, Reuters ryamenyesheje ko umukuru w’umurwi al-Shabab mu vyerekeye iperereza mu karere ka Shabelle, Hassan Ali Dhoore yishwe.

Umuvugizi wa al-Shabab atangaza ko Dzhoore yishwe, yamara ntiyemeza abandi bishwe.

Ku bw’itangazo rya AMISOM, inteko zijejwe gucungera sumutekano z’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika zigiye kwongereza ingwano ku murwi al-Shabab.

XS
SM
MD
LG