Uko wahagera

Congo: Abantu 5 Bishwe i Brazzaville


Perezida wa Congo, Denis Sassou N'Guesso ariko aratora ku murwa mukuru, Brazzaville, kw'italiki 20 z'ukwezi kwa gatatu, umwaka w'i 2016
Perezida wa Congo, Denis Sassou N'Guesso ariko aratora ku murwa mukuru, Brazzaville, kw'italiki 20 z'ukwezi kwa gatatu, umwaka w'i 2016

Abapolisi batatu n’abantu babiri bitwaje ibirwanisho bavurwa ko bishwe inyuma y’ukurasana kwabeye ku musi wa mbere ku murwa mukuru wa Repubulika ya Congo, Brazzaville.

Ukwo kurasana kwabaye indwi nkeyi inyuma yuko Perezida Denis Sassou Nguesso atsinze amatora yabayemwo amatati.

Igipolisi kimenyesha kw'abahzoze ari abarwanyi barwanya Sassou Nguesso, bitwa, abaninja, bateye ibibanza vy’igipolisi n’igisirikare, hamwe n’ibiro vya reta barabiturira.

Ivyabona bavuga ko ukurasana kwatanguye imbere y’ubucagucagu mu bice biri mu bumanuko bw’umurwa mukuru, ibice vyiziziwe n’abatavuga rumwe na reta.

Ukwo kurasana kwarabandanije gushika mu masaha y’inyuma yo ku mutaga, igihe inteko za reta zuzurana mu mabarabara y’igisagara ca Brazzaville.

Uno musi ku wa kabiri hari umutekano ugereranye mu gisagara ca Brazzaville, yamara menshi mu mashule n’amamangazini aracugaye.

Nirwo ruhagarara rwa mbere rubaye kuva habaye amatora yabayemo amatati yo kw’italiki 20 z’ukwezi kwa gatatu.

XS
SM
MD
LG