Uko wahagera

Afurika y’Epfo: Ikibazo ca Zuma Mu Nama Nshingamateka


Perezida wa Afurika y'Epfo Jacob Zuma
Perezida wa Afurika y'Epfo Jacob Zuma

Inama nshingamateka y’igihugu ca Afurika y’epfo izoca irya n’ino k’umusi wa kabiri ibirego vyatanzwe n’abatavuga rumwe na leta birega Perezida Jacob Zuma guca kubiri n’ibwirizwa nshingiro.

Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro muri Afrika y’Epfo mu ndwi iheze yamenyesheje ko Zuma atubahirije kandi atakingiye ibwirizwa nshingiro mu kunanirwa gusubiza amafaranga ya leta yakoresheje mu bikorwa vyo gusanura inyubakwa yiwe.

Amafaranga arenga imiliyoni 20 z’amadolari niyo yagirizwa ko yakoresheje ayakuye mu mafaranga ya leta.

Ibiro bijejwe kurwanya ibiturire vya leta vyasavye Zuma gusubiza amahera yakoresheje mu gusanura inyubakwa yiwe.

Mw’ijambo yashikirije abanyagihugu, mu ndwi iheze, Zuma yatangaje ko atigeze aca kubiri n’ibwirizwa nshingiro.

Abakurikiranira ibintu hafi mur’ico gihugu bamenyesha ko mugihe umugambwe uri k’ubutegetsi ANC ari nawo mugambwe wa Zuma wiganziye inama nshingamateka bishobora gutuma utwigoro two gukurikirana Zuma ataco tuvamwo.

XS
SM
MD
LG