Uko wahagera

Ubulayi Bwarinjiranywe na ISIS


Abarwanyi ba ISIS
Abarwanyi ba ISIS

Abategetsi bajejwe iperereza k’umugabane wa Bulayi bamenyesha ko batazi igitigiri c’abarwanyi n’abiyahuzi boba bari ku mugabane wa bulayi umuhari wa reta ya Kiyisilamu wahaye imyimenyerezo kugira bagabe ibitero mu bulayi nk’ibitero vyabaye I Buruseli kumusi wa kabiri.

Abo bategetsi bafise ubwoba ko hashobora kuba hari ibindi bitero biriko birategurwa.

Bemenyesha ko bibaza ko k’umugabane wa Bulayi hoba hari abihevyi bava ku 200 gushika ku 400 bahawe imyimenyerezo y’ibikorwa vy’iterabwoba.

Mu mwaka urangiye hari amakuru yavuga ko umuhari wa reta ya Kiyisilamu woba yarungitse abarwanyi bashika 4000 ku mugabane wa Bulayi.

Abategetsi b’ibisata vy’iperereza mu bihubu vy’Ububiligi n’Ubufaransa bafise amakenga ko abanyabulayi bashika 5000 boba barahambije umugwi wa reta ya Kiyisilamu guhabwa imyimenyerezo.

XS
SM
MD
LG