Uko wahagera

Perezida Denis Sassou Nguesso Yatsinze Amatora


Denis Sassou-Nguesso
Denis Sassou-Nguesso

Amakuru ariko aratangazwa mu gihugu ca Republika ya Congo, avuga ko President Denis Sassou Nguesso, ariwe yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu yabaye ku musi wa mungu; amatora, abatavuga rumwe na reta bavuga ko yaranzwe n’ubusuma.

Umushikiranganji wa Kongo ajejwe intwaro yo hagati, Raymond Mboulou niwe yatangaje iyo ntsinzi uyu musi ku wa kane igihe c’isaha icenda n’inusu zo ku muhingamo, akaba yavuze ko Nguesso yatsinze ayo matora afise amajwi 60%.

Ibiharuro bishikirizwa n’abatunganije amatora, vyerekana ko Guy- Brice Kolelas ariwe yaronse ikibanza kigira kabiri, n’amajwi 15%, agakwirikirwa na Jean-Marie Mokolo yahoze ari umujenerali yafashe ikibanza kigira gatatu, afise amajwi 14%.

Abo banyapolitike uko ari babiri bahiganywe na Nguesso, ejo ku musi wa gatatu, bariyamirije ibiharuro vy’ayo matora vyatangajwe. Mu kiganiro yahaye Radio France Internationale, Mokolo yarateye akamo gasaba ko haba umurwi wigenga uzosubira guharura amajwi yose yo mu bibanza bitandukanye vyo gutoreramwo.

Ayo matora yo ku musi wa mungu, yabaye mu gihe amatelephone yose hamwe n’uburyo bwo guhanana amakuru hakoreshejwe ubuhinga bwa internet, bwari bwahagaritswe. Ivyo bivuye ku mategeko yatanzwe n’umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati, yavuze kw’ingingo nk’iyo yar’ikenewe kubera imvo z’umutekano.

Ayo matora yabaye kandi inyuma y’aho mu kwezi kw’icumi mu mwaka uheze, hatunganirijwe amatora yemeje ingingo yo gufuta mw’ibwirizwa shingiro inzitizi zijanye n’imyaka y’abanyapolitike bitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. Ibindi vyakozwe nugufuta ibiringo umukuru w’igihugu atarenza. Izo nzitizi zose zari kubuza Nguesso afise imyaka 72 mur’iki gihe, gusubira kwitoza.

Abantu banebagura ivyavuye mur’ayo matora y’umukuru w’igihugu, bavuga ko Nguesso, afashe ubutegetzi ahonyanze ibwirizwa shingiro.

Nguesso yatanguye gutwara igihugu ca Kongo kuva mu mwaka w’1979 gushika mu mwaka w’1992. Inyuma y’aho atsindiwe amatora, yaciye agaruka ku butegetsi igihe mur’ico gihugu haduka ingwano, agaca asubira gutorwa mu matora yabayemwo impari nyinshi mu mwaka w’2002 no mu mwaka w’2009.

XS
SM
MD
LG