Uko wahagera

Ebola Yasubiye Kwiyadukiza muri Gineya


Ikarata y'igihugu ca Gineya
Ikarata y'igihugu ca Gineya

Abategetsi b’igihugu ca Liberiya bategetsi kw’urubibe n’igihugu kibanyi ca Gineya rwugarwa uno mjsi ku wa kabiri mu gihe hari impungenge zuko umugera wa Ebola ushobora gusubira kwaduka.

Umushikiranganji ajejwe gutangza amakuru wa Liberiya, Lenn Eugene Nangbe yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, kw’iyugarwa ry’urubibe ari ingingo y’ugutuma indwara cya Ebola idakwiragira.

Yamenyesheje kw’urubibe ruzoguma rwugaye gushika ibintu bimere neza kurushiriza muri Gineya.

Nangbe yavuze ko Liberiya yarungitse kandi abnakozi bajejwe ubuvuzi mu bice abantu banijiriramwo ku rubibe n’igihugu ca Gineya.

Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, ryatangaje ko Ebola itakirangwa muri Gineya mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze.

Yamara kw’italiki 17 z’ukwezi kwa gatatu, iryo shirahamwe ryaremeje kw’abantu babiri bashasha banduye Ebola mu mihana y’ahitwa Koropara muri Gineya, umuvyeyi n’umwana wiwe w’umuhungu w’imyaka itanu.

XS
SM
MD
LG