Uko wahagera

Somaliya: al-Shabab mu Mihana ya Gara'ad


Abarwanyi ba al-Shabab
Abarwanyi ba al-Shabab

Abanyagihugu muri Somaliya, bamenyesha kw’abantu bitwaje ibirwanisho bikomeye bikekwa kw’ari abarwanyi b’umurwi al-Shabab batanye mu mitwe n’abarwanyi bo mu mihana y’ahitwa Gara’ad iri ku nkengera z’ibahari.

Ayo makuru yatangajwe imbere yuko uburyo bw’uguhanahana amakuru muri ico gice buscika ku musi wa mbere mu masaha y’inyuma yo ku mutaga.

Ababa mu karere ka Gara’ad basavye kw’amazina yabo atamenyekana kubera ubwoba bw’ukwihora babwiye Ijwi rya Amerika kw’abo barwanyi b’umurwi al-Qaida baje n’ubwato mw’ibahari bjinjira mu gisagara ca Gara’ad, ku bilometero amajana abiri na mirongo umunani mu buraruko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Galkayo mu ntara ya Mudug.

Barasanye n’abarwanyi bo mu gisagara ca Gara’ad.

Inyuma yuko amakuru yerekeye ukwo gutana mu mitwe amenyekane, uburyo bw’uguhanahana amakuru muri ico gisagara bwaraciwe, mu vyatumye ata birenga aho bimenyekana hanze y’ako karere.

Ivyo bibaye imisi ibiri inyuma yuko abarwanyi b’umurwi al-Shabab baciye uburyo bw’uguhanahana amakuru hagati y’ibisagara vya Harardhere na Hobyo.

XS
SM
MD
LG