Uko wahagera

Mali: Reta Yisubije Ikambi y'Igipolisi i Tombuktu


Timbuktu, Mali
Timbuktu, Mali

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, muri Mali bitangaza kw’inteko za ONU n’iz'igihugu zasubiye kwigarurira ikambi y’igipolisi mu gisagara ca Tombuktu. Iyo kambi yari yafashwe mu kanya gatoyi n’abantu batamenyekanye bagize igitero mu gitondo c’uno musi ku wa gatanu.

Umuvugizi w’ibiro vy’ishirahamwe ONU, Olivier Salgado, amenyesha ko ugutana mu mitwe kuri iyo kambi kwarangiye. Inteko zijejwe umutekano ziriko zirondera amabombe muri ico kibanza. Ntawiyitiriye buno nyene ico gitero.

Uburaruko bw’igihugu ca Mali bwarageramiwe n’ubwicanyi n’uruhagarara mu myaka irangiye, harimwo imigumuko y’imirwi y’intagondwa z’abayisilamu n’abarwanyi bo mu bwoko bw’aba Tuareg.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryarungitse inteko zijejwe gucungera umutekano muri Mali mu mwaka wa 2013.

XS
SM
MD
LG