Uko wahagera

USA: Impari Hagati ya Clinton na Sanders


Abakandida b'Abademokarate Bernie Sanders na Hillary Clinton
Abakandida b'Abademokarate Bernie Sanders na Hillary Clinton

Abakandida bariko barondera guhagarararira umugambwe w’Abademokarate mu matora y’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe z'Amerika ntibunvikanye kuho bahagaze ku vyerekeye politike. Ibyo byabonetse mu kiganiro mw’ijoro ry’ejo ku musi wa gatatu kuri televiziyo, aho Hilary Clinton na Berndie Sanders, bishuye ibibazo vy’abatora muri reta ya New Hampshire.

Umushingantahe Sanders yiyita umudemokarate w’umusosiyaliste ava muri reta ya Vermont ihana urubibe na New Hampshire, yaravyuye ibibazo kuho Hillary Clinton ahagaze ku bibazo vyerekeye ikibanza c’amafaranga co ku kibanza gicururizwaho imitahe. Aha ni ku vyerekeye gutunganya gushasha amafranga akoreshwa mu matora, n’ukuba yatoye ku vyerekeye kurekurira gutera igihugu ca Iraki mu mwaka w’2003, igihe yari Senateri aserukira intara ya New York.

Madamu Hillary Clinton yavuze ko uwo bahiganwa Bernie Sanders yihaye uburengenzira bw’ukumenya umudemokrate w’ukuri n’uwutar’uwukuri. Yarashigikiye ivyo yaranguye mu guharanira ibibazo biraje ishinga abanyamerika nk’ivyerekeye kwivuza.

Ikiganiro c’ejo cabaye imisi ibiri inyuma yuko Hillary Clinton atsinze Sanders mu matora ya mbere yo mu ntara ya Iowa.

XS
SM
MD
LG