UmushingantaheLeonard Nyangoma yatowe atariho ari mur’iki gihe aba mu gihugu c’Ubufaransa, avuga ko yashimye abanyamugambwe biwe basubiye kwerekana ko bari inyuma yiwe, yongera avuga ko yizeye kw’ariwe munyapolitike azoserukira urunani ADC-Ikibiiri mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu kwezi kwa gatandatu.
Leonard Nyangoma avuga kw’abahurikiye mu runani ADC Ikibiri hamwe n’abarundi, bazomwizigira ngo kuko bazi kw’abakunda kandi yababakoreye, kandi yipfuza gusubira kubakorera.
Mushobora kwumviriza ikiganiro