Uko wahagera

Amerika Yarungitse Ubwato Bw’Ingwano Mw’Izinga Rya Golf


AbanyaIraki batanze umwanya wabo kugira ngo bifatanye n'abasirikare b'igihugu ca Iraki ngo bagwanye abagwanyi b'abaSunni, bamaze gufata ibisagara, Mosul hamwe n'izindi ntara zo mu buararuko.
AbanyaIraki batanze umwanya wabo kugira ngo bifatanye n'abasirikare b'igihugu ca Iraki ngo bagwanye abagwanyi b'abaSunni, bamaze gufata ibisagara, Mosul hamwe n'izindi ntara zo mu buararuko.

Reta ya Amerika yarungitse ubwato, indege z’ingwano zigwako mw’izinga rya Golf, inyuma y’aho ingwano yadukiye mu gihugu ca Iraki.

Umuvugizi w’Ubushikiranganji bwa reta zunze ubumwe za amerika bujejwe kwivuna abansi, Rear Admiral John Kirby, avuga kw’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi Chuck Hagel, yatanze ayo mategeko yo kurungika ubwato USS George H. W. Bush, bwo kuja mu buraruko bw’ikiyaga Arabian Sea mw’izinga rya Golf, ejo ku musi wa gatandatu.

Kirby avuga kw’iyo ngingo ihaye ubundi buryo president Obama ashobora guhitamwo, mu gihe vyokenerwa kw’afata ingingo za gisirikare zo gukingira abanyamerika; abanyaIraki hamwe n’amatungo y’igihugu ca Iraki.

Ubundi bwato bufise ubuhinga bwo gutumbereza ibibombe vya missile hamwe n’ubundi bwato burasa missile zisambura, buzoherekeza ubwo bwato.

Abasore b’abanyaIraki baharurwa mu majana, bariko barakoranira mu bibanza bitandukanye mu gihugu ca Iraki, basaba gutanga umwanya wabo kugira ngo baje kugwanya abagwanyi b’abaIslamiste, batanguye gufata ibisagara bimwe bimwe mur’iyi ndwi.

Abo banyagihugu bariko bishura akamo kari katewe n’ umukuru w’abaShia yubashwe cane, Ayatollah Ali- Al- Sistani.

Mur’iki gihe kandi, abategetsi bo mu gihugu ca Iraki, bariko baratangaza ko bariko barigarurira intara, bafashijwe n’abanyagihugu basavye gutanga umwanya wabo kugira ngo bafashe abasirikare kugwanya abaislamiste bateye igihugu.
XS
SM
MD
LG