Ku wa gatanu, Mata 29, 2016 isaha yo mu karere 23:38

    Muri Sudani, Abantu 53 Barishwe Muri Darfur

    Iyo ngwano yadutse hagati mu Barabu badasangiye amoko, yarahitanye ubuzima bw’aabntu bashika 53.

    Abantu  Bataye Izabo mw'ikampi yo mu gihugu ca SudaniAbantu Bataye Izabo mw'ikampi yo mu gihugu ca Sudani
    x
    Abantu  Bataye Izabo mw'ikampi yo mu gihugu ca Sudani
    Abantu Bataye Izabo mw'ikampi yo mu gihugu ca Sudani
    VOA News
    Abanyagihugu hamwe n’abatetetsi bo mur’iyo ntara  bavuga kw’abagwanyi bafise ibigwanisho bikomakomeye bo mu bwoko bw’abaRizeigat, bakoze igitero mu gisagara ca El Sireaf ejo ku musi wa gatandatu.

    Ibiro vy’abarafaransa bijejwe gutangaza amakuru bivuga kw’abo bagwanyi bakoze ico gitero bari bafise ibikoho bikomakomeye, baturiye amazu arenga 20.
    Umwuka mubi wari hagati y’imirwi y’abarabu idacana uwaka, wariyongeye mu mezi aheze.

    Mu kwezi kwa mbere, ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu mu ntara ya Darfur yo mu gihugu ca Sudani, UNAMID, vyaratangaye kw’ ingwano yabaye hagati y’abo banyagihugu bo mu bwoko bw’arabu ivuye ku kugwanira inzahabu mu buraruko bw’intara ya Darfur, yatumye abanyagihugu ibihumbi 700, bata ingo zabo.
    uru rubuga rurafunze
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga