Ku wa kane, Ukwakira 23, 2014 isaha yo mu karere 00:22

Ubutare Bwa Diamant Bwarasahuwe I Buruseri

Abapolisi bo ku murwa mukuru w’igihugu c’Ububirigi, Buruseli, batangaje kw’abasuma bashoboye guhunga, batwaye umukimba w’ubutare bwa Diamand.

Apolisi bo ku kibanza c'Indge i Buruseri, bugara n'igufuri umuryango winjira ku kibanza c'indegeApolisi bo ku kibanza c'Indge i Buruseri, bugara n'igufuri umuryango winjira ku kibanza c'indege
x
Apolisi bo ku kibanza c'Indge i Buruseri, bugara n'igufuri umuryango winjira ku kibanza c'indege
Apolisi bo ku kibanza c'Indge i Buruseri, bugara n'igufuri umuryango winjira ku kibanza c'indege
VOA News
Izo Diamant zari zifise agaciro k’amadolari imiliyoni 50, mu gitero  gikomeye bakoze ku kibanza c’indege.

Amakuru ariko aratangazwa, avuga kw’umurwi w’abantu bitwaje ibigwnaisho, bambaye ibintu bibahisha mu maso, binjiye ku nguvu bajabutse intsinga  hamwe n’inzitizi z’umutekano ku kibanza c’indege co ku murwa mukuru w’igihugu c’Ububirigi, Buruseli ejo ku musi wa mbere ku mugoroba, maze bagashika hafi y’indege, bari mu mudoka yabo, bagaca biba izo Diamant zari mu mudoka ya minivan y’umutekano, aho izo Diamant zariko zirinjizwa mu ndege itwara imizigo, yategerezwa kuja mu gihugu c’Ubusuisse.

Abategetsi bavuga kw’abo basuma bashoboye kurangura ico gikorwa mu kanya gaharurwa mu minota mikeyi, kandi ata rusase, barinze kurasa.

Mu nyuma abapolisi baratoye imodoka yaturiwe, hafi y’ikibanza c’indege.

Umuvugizi w’ibiro vya Diamand bifise icicaro mu gisagara ca Anverse, mu gihugu c’Ububirigi, vyitwa Antwerp World Diamond, yaremeje iyo nkuru kw’izo Diamant zari zifise agaciro k’amadolari imiliyioni 50.

Yabwiye ibiro vy’abafaransa bijejwe gutangaza amakuru, kw’ubwo, aribwo busuma bwa mbere bukomeye bwa Diamant, bubaye.
uru rubuga rurafunze
Ibitekerezo
     
nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga