Uko wahagera

Pistorius Avuga Kw’Atashatse Kwica Mugenziwe


Umufasoni avuye ku maziko afise ifoto ya Reeva Steenkamp, yarashwe na Pistorius,
Umufasoni avuye ku maziko afise ifoto ya Reeva Steenkamp, yarashwe na Pistorius,

UmunyaAfrika y’Epfo yabaye kirangiranwa mu nkino mpuzamakungu Jeux Olympiques, Oscar Pistorius, yarengutse imbere ya sentare.

Yavuze kw’ata mugambi wo kwica umukobwa bakundana, Reeva Steenkamp, yar’afise.
Uyo mugabo aregwa ko yagandaguye uyo mwigeme ku musi wa kane, igihe yari imuhira iwe.

Pistorius yashikirije ayo majambo ku musi wa kabiri, igihe yariko arasamba kugira ngo ajijure umucamanza ashobore kumurekura, azohore yitaba adapfunzwe.

Yafashe ijambo inyuma y’aho umucamanza, adashoboreye gushikiriza urubanza ruvuga ko Steenkamp yishwe mu bwicanyi bwari bwateguwe.

Urwo rubanza rwariko rurumvirizwa, rwarangiye ata ngingo ifashwe yo kurekura uyo mugabo, ivyagateganyo: Urwo rubanza ruhava rubandanya uyu musi ku wa gatatu.

Mw’ikete Pistourius yanditse ryasomwe n’umushikirizwamanza wiwe, yavuze ko yari yibajije ko yariko arasa umuntu yamwinjiranye w’umusuma, igihe yarasa acishije mu muryango w’icumba co kwogeramwo, ari imuhira iwe mu gisagara ca Pretoria ku musi wa kane uheze, arico gihe yishe umwigeme Steenkamp.

Pistorius yavuze ko yakunda cane Steenkamp, kandi yababajwe cane n’urupfu rwiwe.
Abashikirizwamanza bamuburanira bavuze kw’iraswa ry’uwo mwigeme ryabaye impanuka, ngo arinaco gituma Pistorius akwiye kurekurwa, hatanzwe ingwati.

Abashimirizamanza bamuburanya babivuze ukundi: Bavuze ko Pistorius yambaye amauguru yiwe y’ivyuma, agaca atambuka imitero indwi avuye mu cumba ciwe, agaca arasa uyo mwigeme incuro zine, acishije insoro mu muryango.
XS
SM
MD
LG