Ku wa kabiri, Gashyantare 09, 2016 isaha yo mu karere 17:46

    Umushikiranganji wa Mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu Yasabwe Gushiraho Reta Nshasha

    Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu
    x
    Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu
    Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu
    VOA Africa
    Prezida w’igihugu ca Israel yasavye umushikiranganji wa mbere, Benjamin Netanyahu, gushiraho Reta nshasha, inyuma yuko avuganye n’imigambwe yose uko ari cumi n’ibiri yatsindiye ibibanza, mu matora yabaye mu ndwi iheze.

    Netanyahu, muri iki gihe afise indwi zitandatu, kugira ashireho Reta y’urunani. Niyo yabishikako, azoca atangura ikiringo ciwe kigira gatatu, mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere.

    Mw’ijambo yashikirije, ejo ku musi wa gatandatu, Nrtanyahu yarasubiye kuvuga kw’ikintu Reta yiwe izoshimikirako kurusha ibindi, kuzoba gutuma igihugu ca Irani kidakora ibigwanisho ruhonyanganda.

    Yongeye kandi avuga kw’azoshiraho Reta ihurikiyemwo impande zose zishoboka, akaba yasavye imigambwe itavuga rumwe na Reta kuja, muri Reta yiwe y’utrunani.

    Bitegekanijwe kw’ibiganiro icese vy’ugushiraho Reta y’ubumwe bitangura, uno musi ku w’Imana.
    uru rubuga rurafunze
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga