Uko wahagera

Ubufransa Bwatangaje ko Hageze kw’Inteko z’Ibihugu vyo muri Afrika Zija Imbere mu Rugamba muri Mali


IInteko zo muri Afrika muri Mali
IInteko zo muri Afrika muri Mali
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu c’Ubufransa, Laurent Fabius, yatangaje kw’igihe kigeze kw’inteko z’ibihugu vyo muri Afrika zija imbere, mu rugamba rw’ugutuza intagondwa z’Aba Islamu, mu buraruko bw’igihugu ca Mali.

Ivyo Laurent Fabius, yabitangaje, mu nama yihutirwa y’abategetsi b’igihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, yabaye, ejo ku musi wa gatandatu, mu gisagara ca Abidjan, mu gihugu ca Cote d’Ivoire, aho baganiye ivyerekeye kurungika izindi nteko, mu gihugu ca Mali, gufasha inteko z’igihugu c’Ubufransa, mu rugamba rw’ukugwanya intagondwa z’AbaIslamu.

Bitegekanijwe kw’ibihugu bihana urubibe na Mali, birungika inteko ibihumbi bitatu ,canke zirenga, muri Mali, inyuma yuko Ubufransa burungitse inteko muri ico gihugu, haraheze hafi y’indwi, guhagarika abagwanyi b’abaIslamu bigaruriye uburaruko bw’igihugu, bariko batera bigira imbere, mu bumanuko bw’igihugu.

Abategetsi, mu gihugu ca Mali, batangaje, ku musi wa gatanu, kw’inteko za Reta, zifashijwe n’Ubufransa, zasubiye gufata igisagara ca Diabaly, zikaba zatujije intagondwa z’AbaiSlamu, zari zafashe ico gisagara, ku musi wa mbere.

Inteko z’igihugu ca Mali zari zatangaje imbere yaho, ko zari zafashe kandi gigisagara ca Konna, mu buseruko bwa Mali.
XS
SM
MD
LG