Uko wahagera

Abashigikiye Ukwiyonkora kw’Intara ya Cataloniya ku Gihugu ca Espagne Baratsinze Amatora y’Abashingamateka


Akarere ka Catalonia
Akarere ka Catalonia
Ivyavuye mu matora y’abashingamateka, ejo ku musi w’Imana, mu ntara ya Cataloniya, iri mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Espagne, vyatangajwe icese, vyerekana kw’ibibanza bitari bike vy’abashingamateka, muri iyo ntara vyatsindiwe n’imigambwe ishaka kwiyonkora ku gihugu ca Espagne.

Ivyavuye mu matora y’ejo ku musi w’Imana ,vyerekana kw’urunani rwa prezida w’intara ya Cataloniya akongera, akaba umu candidat aharanira ukwikukira kw’iyo ntara Artur Mas rwatsindiye ibibanza mirongo itanu, mu nama nshingamateka y’ibibanza ijana na mirongo itatu na bitanu, umuntu abigereranije n’ibibanza mirongo itandatu na bibiri, urwo runani rwari rusanzwe rufise.

Umugambwe Republican Left, ushaka kwiyonkora ku gihugu ca Espagne, warongereje incuro zibiri ibibanza vyawo, mu gustindira hafi y’ibibanza mirongo ibiri na kimwe, mu nama nshingamateka.

Iyo migambwe yompi, yemeye kugirisha referendum ,isaba Abanya Cataliniya nimba bifuza kwiyonkora ku gihugu ca Espagne, ingingo Reta y’igihugu ca Espagne ivuga ko yoba iciye kubiri n’ibwirizwa nshingiro.

Umugambwe, Socialist Party, udashigikiye kwikukira, watsindiye ibibanza mirongo ibiri mu matora y’ejo ku musi w’Imana.
XS
SM
MD
LG