Ku wa gatatu, Gicurasi 21, 2013 isaha yo mu karere 19:07

ibirimwo / burundi

President Obama, Abakenguzamateka, kuri Benghazi

President Barack Obama, yarasubije abasenateur, bavuga ko bazogwanya igenwa rya Susan Rice.

President Barack Obama at White House news conference Nov. 14, 2012President Barack Obama at White House news conference Nov. 14, 2012
x
President Barack Obama at White House news conference Nov. 14, 2012
President Barack Obama at White House news conference Nov. 14, 2012
ingano y'inyandiko - +
VOA
Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru ejo ku musi wa gatatu, abasenateur bahurikiye mu mugambwe w’aba Republika, John McCain hamwe na Lindsey Graham, barateye akamo gasaba ko haba umurwi udasanzwe, ujejwe gutohoza igitero cabereye mu gisagara ca Benghazi mu gihugu ca Libya, kigahitana ubuzima bwa Ambassaderi w’umunyamerika, Christopher Stevens hamwe n’abandi banyamerika batatu.

Barashikirije kandi amajambo akaze, yerekeye ambassaderi aserukira reta zunze ubumwe za amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu, Susan Rice, ngo mu gihe yogenwa mu yandi mabanga muri reta ya president Obama.

Senateur McCaine yavuze ko we hamwe na bagenzi biwe bazokora ibishobotse vyose kugira ngo bankirize igengwa rya Susan Rice.

McCain hamwe n’abandi bashingamateka, baranebaguye umufasoni Rice ku majambo yashikirije kuri television zitandukanye, inyuma y’aho habereye igitero mu gisagara ca Benghazi.

Ico gihe umufasoni Rice yari yagize ati: Ivyo twovuga tubikuye mu makuru dufise mur’iki gihe, n’uko ico gitero catanguye kitateguwe, n’ukuvuga kw’ata mugambi wo gutera wari wateguwe: Ati ico gitero cari inyishu y’ivyari vyabaye I Cairo mu gihugu ca Misiri.

Mu nyuma president Obama yahavuye avuga kw’ico gitero c’iterabwoba, cari categuwe.

Senateri w’umurepublika Lindsey Graham yavuze ibikwirikira kuri Susan Rice:
Igituma ntamwizeye, n’uko nzi ko yar’afise amakuru nyayo. Mu gihe yoba atayo yar’afise, ntakwiye kuba ijwi rya Amerika. Sinibaza kw’akwiye kwongerwa igiti.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ejo ku musi wa gatatu ku mugoroba, president Obama yarashigikiye Susan Rice, akaba yavuze kw’amajambo yashikirijwe n’abasenateri, ashavuje.

President yagize ati: Umufasoni Rice yashikirije amakuru yar’afise mur’ico gihe, yari yahawe n’ibiro bijejwe iperereza. Mu gihe senateur McCain na senateur Graham hamwe n’abandi, boba bashaka kugira umuntu bakwirikirana, bakwiye gukwirikirana jewe. Ati kandi, ndipfuza guharira nabo, kur’ico kibazo.

President Obama yavuze kw’ata ngingo arafata yerekeye ibibanza vy’abashikiranganji bazoba bari muri reta yiwe mu kiringo kigira kabiri, yamara ngo ntiyohengeshanya kugena umufasoni Susan Rice.

President Obama yavuze kw’umufasoni Rice yakoze akazi gashimishije. Ati yaraserukiye reta zunze ubumwe za amerika hamwe n’inyungu za reta zunze ubumwe za amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu, aho yerekanye kw’arincabwenge, akorana ubumenyi, hamwe n’igihagararo.

Amajambo yashikirijwe na president Obama, yaratumye senateur Graham, yishura n’ishavu. Mw’ijambo yashikirije, yagize ati: Mushingantahe President, ntiwibaze n’akanya na gatoyi ko ntagushirako amakosa y’igitero cabaye mu gisagara ca Benghazi. Ati ndibaza ko wananiwe kurangura abanga yawe y’umukuru w’igihugu, imbere, hamwe n’inyuma y’ico gitero.

Ico gitero co mu gisagara ca Benghazi, cabaye indwi umunani imbere y’uko amatora yo muri reta zunze ubumwe za amerika aba, kandi carashikirijwe cane n’umurepublika Mitt Romney, yariko arahiganwa na president Obama.
uru rubuga rurafunze
Ibitekerezo
     
nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga

Videos

Your JavaScript is turned off or you have an old version of Adobe's Flash Player. Get the latest Flash player.
Your JavaScript is turned off or you have an old version of Adobe's Flash Player. Get the latest Flash player.
Videwo

Videwo UN-Mali

Aya matora ya yobowe n'umukuru w'urwego rw'ishirahamwe ONU rujejwe kwubahiriza umutekano kw'isi mukiringo c'ukwezi kwa kane, Eugene-Richard Gasana, Ambassaderi w'igihugu c'Urwanda mw'ishirahamwe ONU.

Photo in the news

Your JavaScript is turned off or you have an old version of Adobe's Flash Player. Get the latest Flash player.
Your JavaScript is turned off or you have an old version of Adobe's Flash Player. Get the latest Flash player.
  • In this image from video provided by WBZ TV, spectators and runners run from what was described as twin explosions that shook the finish line of the Boston Marathon, April 15, 2013.
  • President Barack Obama speaks at the White House in, following the explosions at the Boston Marathon, April 15, 2013.
  • Medical workers aid a wounded woman at the finish line of the 2013 Boston Marathon following two explosions there, April 15, 2013.
  • A Massachusetts State Police officer guards the area containing the medical tent, rear, following an explosion at the 2013 Boston Marathon, April 15, 2013.
  • An unidentified Boston Marathon runner leaves the course crying near Copley Square following an explosion, April 15, 2013.
  • A Boston police officer wheels in injured boy down Boylston Street as medical workers carry an injured runner following an explosion during the 2013 Boston Marathon in Boston, Monday, April 15, 2013.
  • Medical workers aid an injured man at the finish line of the 2013 Boston Marathon following an explosion there Monday, April 15, 2013 in Boston.
  • Medical workers aid injured people at the finish line of the 2013 Boston Marathon following explosions in Boston, Monday, April 15, 2013.
  • Boston police clear an area following an explosion near the finish line of the 2013 Boston Marathon in Boston, Monday, April 15, 2013.
  • An unidentified Boston Marathon runner is comforted as she cries in the aftermath of two blasts which exploded near the finish line of the Boston Marathon in Boston, Monday, April 15, 2013.
  • Medical workers aid injured people at the finish line of the 2013 Boston Marathon following an explosion in Boston, Monday, April 15, 2013.
  • Medical workers aid injured people at the finish line of the 2013 Boston Marathon following an explosion in Boston, Monday, April 15, 2013.
  • Medical responders run an injured man past the finish line the 2013 Boston Marathon following an explosion in Boston, Monday, April 15, 2013.
  • Two Boston Marathon volunteers hug each other, at right, as an injured person is loaded into an ambulance in the aftermath of two blasts which exploded near the finish line of the Boston Marathon in Boston, Monday, April 15, 2013.
  • A Boston police officer clears Boylston Street following an explosion at the finish line of the 2013 Boston Marathon in Boston, Monday, April 15, 2013.
  • Medical workers aid injured people at the finish line of the 2013 Boston Marathon following explosions in Boston, Monday, April 15, 2013.
ikigega cy'amafoto

ikigega cy'amafoto Amabombe Abiri Yaturikiye mu Gisagara ca Boston

Abantu babiri canke barenga barapfuye, abandi barenga ijana barakomereka inyuma yuko amabombe abiri yaturikiye hafi icarimwe hafi y’abantu b’abarorerezi ku murongo w’ukurangirizako ihiganwa rya marathon rya Boston.