Uko wahagera

President Obama, Abakenguzamateka, kuri Benghazi


President Barack Obama at White House news conference Nov. 14, 2012
President Barack Obama at White House news conference Nov. 14, 2012

President Barack Obama, yarasubije abasenateur, bavuga ko bazogwanya igenwa rya Susan Rice.

Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru ejo ku musi wa gatatu, abasenateur bahurikiye mu mugambwe w’aba Republika, John McCain hamwe na Lindsey Graham, barateye akamo gasaba ko haba umurwi udasanzwe, ujejwe gutohoza igitero cabereye mu gisagara ca Benghazi mu gihugu ca Libya, kigahitana ubuzima bwa Ambassaderi w’umunyamerika, Christopher Stevens hamwe n’abandi banyamerika batatu.

Barashikirije kandi amajambo akaze, yerekeye ambassaderi aserukira reta zunze ubumwe za amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu, Susan Rice, ngo mu gihe yogenwa mu yandi mabanga muri reta ya president Obama.

Senateur McCaine yavuze ko we hamwe na bagenzi biwe bazokora ibishobotse vyose kugira ngo bankirize igengwa rya Susan Rice.

McCain hamwe n’abandi bashingamateka, baranebaguye umufasoni Rice ku majambo yashikirije kuri television zitandukanye, inyuma y’aho habereye igitero mu gisagara ca Benghazi.

Ico gihe umufasoni Rice yari yagize ati: Ivyo twovuga tubikuye mu makuru dufise mur’iki gihe, n’uko ico gitero catanguye kitateguwe, n’ukuvuga kw’ata mugambi wo gutera wari wateguwe: Ati ico gitero cari inyishu y’ivyari vyabaye I Cairo mu gihugu ca Misiri.

Mu nyuma president Obama yahavuye avuga kw’ico gitero c’iterabwoba, cari categuwe.

Senateri w’umurepublika Lindsey Graham yavuze ibikwirikira kuri Susan Rice:
Igituma ntamwizeye, n’uko nzi ko yar’afise amakuru nyayo. Mu gihe yoba atayo yar’afise, ntakwiye kuba ijwi rya Amerika. Sinibaza kw’akwiye kwongerwa igiti.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ejo ku musi wa gatatu ku mugoroba, president Obama yarashigikiye Susan Rice, akaba yavuze kw’amajambo yashikirijwe n’abasenateri, ashavuje.

President yagize ati: Umufasoni Rice yashikirije amakuru yar’afise mur’ico gihe, yari yahawe n’ibiro bijejwe iperereza. Mu gihe senateur McCain na senateur Graham hamwe n’abandi, boba bashaka kugira umuntu bakwirikirana, bakwiye gukwirikirana jewe. Ati kandi, ndipfuza guharira nabo, kur’ico kibazo.

President Obama yavuze kw’ata ngingo arafata yerekeye ibibanza vy’abashikiranganji bazoba bari muri reta yiwe mu kiringo kigira kabiri, yamara ngo ntiyohengeshanya kugena umufasoni Susan Rice.

President Obama yavuze kw’umufasoni Rice yakoze akazi gashimishije. Ati yaraserukiye reta zunze ubumwe za amerika hamwe n’inyungu za reta zunze ubumwe za amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu, aho yerekanye kw’arincabwenge, akorana ubumenyi, hamwe n’igihagararo.

Amajambo yashikirijwe na president Obama, yaratumye senateur Graham, yishura n’ishavu. Mw’ijambo yashikirije, yagize ati: Mushingantahe President, ntiwibaze n’akanya na gatoyi ko ntagushirako amakosa y’igitero cabaye mu gisagara ca Benghazi. Ati ndibaza ko wananiwe kurangura abanga yawe y’umukuru w’igihugu, imbere, hamwe n’inyuma y’ico gitero.

Ico gitero co mu gisagara ca Benghazi, cabaye indwi umunani imbere y’uko amatora yo muri reta zunze ubumwe za amerika aba, kandi carashikirijwe cane n’umurepublika Mitt Romney, yariko arahiganwa na president Obama.
XS
SM
MD
LG