Ku wa gatatu, Nyakanga 23, 2014 isaha yo mu karere 13:53

Prezida Obama Yaragarutse I Washington Inyuma Yuko Asubiye Gutorwa Mu Mabanga y’Ukuyobora Amerika.

Prezida Barack Obama,Michelle Obama and n'Abana Babo b'Abigeme, Sasha and Malia, Ejo mu Gisagara ca ChicagoPrezida Barack Obama,Michelle Obama and n'Abana Babo b'Abigeme, Sasha and Malia, Ejo mu Gisagara ca Chicago
x
Prezida Barack Obama,Michelle Obama and n'Abana Babo b'Abigeme, Sasha and Malia, Ejo mu Gisagara ca Chicago
Prezida Barack Obama,Michelle Obama and n'Abana Babo b'Abigeme, Sasha and Malia, Ejo mu Gisagara ca Chicago
VOA Africa
Prezida wa Amerika, Barack Obama n’umuryango wiwe baragarutse I Washington ejo ku musi wa gatatu mw’ijoro bavuye mu gisagara ca Chicago, inyuma yuko bamaze umusi bahimbaza intsinzi y’amatora ya prezida y’ikiringo kigira kabiri.

Ivyavuye mu matora vyashikirijwe ku musi wa kabiri vyerekanye ko prezida Obama, umudemokrate yatsinze uwo bahiganwa w’Umurepublicain, Mitt Romney, n’amajwi akomakomeye amajana atatu n’atatu ku majwi amajana abiri n’atandatu.

Prezida Obama yarashimiye abantu isinzi bari bamushigikiye mu gisagara ca Chicago, mu kubabwira mw’ijambo ry’intsinzi ryiwe kw’ibintu vyiza kurushiriza biri imbere. Yamenyesheje ko yitaguriye kuganira na Mitt Romney aho bashobora gukorana.

Prezida Obama yaremeye hari ibintu bikomeye vya politike bitandukanya Abanyamerika, yamara yatangaje kw’aAbanyamerika basangiye umwizero n’izonzi ku vyerekeye Amerika..

Yarashimiye Romney n’icegera ciwe Paul Ryan mu kuvuga ko naho bahiganywe bikomeye kandi batumvikanye ku bibazo bitari bike, ngo bose barasangiye urukundo bafitiye igihugu cabo.

Romney yaremeye ko yatsinzwe mu matora mw’ijambo yashikirije abamushigikiye bari babaye mu gisagara ca Boston mu ntara ya Massachusetts, intara yigeze kuyobora yatsinzwe na Obama ku musi wa kabiri.
uru rubuga rurafunze
Ibitekerezo
     
nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga