Uko wahagera

Obama Na Romney, Aho Impari Zirangiriye


Presidential Debate
Presidential Debate
Umusi umwe inyuma y’aho barangirije impari zabo, president wa reta zunze ubumwe za amerika, Barack Obama hamwe na Mitt Romney yahoze ari bulamatari w’intara ya Massachussetts, barasubiye mu bikorwa vyo kwiyamamaza, mu gisagara ca Denver mu ntara ya Colorado, cabereyemwo izo mpari ejo ku musi wa gatatu.

Umushingantahe Obama yarashikirije ijambo ikoraniro ry’abanyagihugu, aho yareze Romney ko yahinduye imigambi yiwe, yiyamamarijeko. Yavuze kw’abanyapolitike bitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, bakwiye kubwiza ukuri abanyamerika.

Umushingantahe Romney yaragiye mu nama y’umurwi w’abaRepublika mu gisagara ca Denver, aho abahungu biwe bari bategekanije gushikiriza ijambo. Yaranebaguye imigambi y’ubutunzi ya president Obama.

Mu nyuma, umushingantahe Romney yahavuye aja mu bumanuko bushira ubuseruko bw’intara ya Virginia gushikiriza ijambo, ari kumwe n’umunyapolitike basangiye ibikorwa vyo kwiyamamaza, umushingamateka Paul Ryan.

Ejo ku muhingamo kandi, president Obama yaciye aja mu ntara ya Wisconsin, umushingamateka Paul Ryan, aserukira.
XS
SM
MD
LG