Uko wahagera

Amakuru Makuru Makuru Yaranze Uno Mwaka Mu Burundi


Amakuru makuru makuru yaranze uno mwaka mu Burundi aratwibutsa ibijanye n'intwaro ibereye, ubutunzi, indero, amagara y'abantu, uburimyi n'ubworozi.

Amakuru makuru makuru yaranze uno mwaka mu Burundi aratwibutsa ibijanye n'intwaro ibereye, ubutunzi, indero, amagara y'abantu, uburimyi n'ubworozi.

Ku bijanye n'intwaro ibereye aha twokwibukanya raporo z'amashirahamwe mpuzamakungu akurikiranira hafi ivyerekeye intwaro ibere no kurwanya ibiturire. Ayo mashirahamwe ariyo Transperency international,Brooking Institute,Doing business na Millenium Challenge aha UBurundi ikibanza ca kane uvuye inyuma mu bijanye n'intawaro ibereye,ikibanza ca gatatu nahonyene uvuye inyuma mu vyerekeye gufungurira neza abanyagihugu n'ikibanza c'umunani uva inyuma mu kungwanya ibiturire. Ayo maraporo aza asa n'ayahuza n'amaraporo y'ishirahamwa OLUCOME ryinshinze kurwanya ibiturire mu Burundi. Iryo shirahamwe riherutse kwandikira umukuru w'igihugu mu kwezi kw'icumi na rimwe rivuga ko rimwibukije ubugira indwi ko hariho amafaranga imiriyaridi amajana atatu na mirongo itanu yanyurujwe mu madosiye cumi gusa. Olucome yasaba ko ayo mafaranga yosubizwa mu kigega ca reta, abayatwaye bagakubitwa intahe mu gahanga.

Mu bijanye no kugwanya ibiturire perezida Petero Nkurunziza mw'ijambo yashikirije yinjira mu mabanga yo gusubira kurongora Uburundi yavuze ko agiye guhagurukira urugamba rwo kugwanya abarya ibiturire, ati ibisaka vy'imbwa birahiye. Ntibwakeye kabiri, abategetsi babiri ,uwurongoye ishirahamwe ry'isukari SOSUMO n'uwurongoye ishirahamwe OTROCO rikoresha imiduga ya reta mukunguruza abantu barapfunzwe bagirizwa gusahura amatungo ya reta no gusesagura. Urwo rugamba n'ubwo rusa n'ugwagarukiye kur'abo bantu babiri ishirahamwe OLUCOME ryabandanije rivuga ko hariho amadosiye menshi y'abanyuruza amafanga y'abanyagihugu, aha twovuga nk'idosiye y'imiriyaridi zitanu ivigwamwo uwahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi,umukuru w'ibiro bikuru vy'intwaramiheto n'icegera ciwe. mu bijanye n'intwaro ibereye ntitworeka kubibusta ivyagiye bivugwa n'amashirahamwe yigenga yamenyesha ko iruhande y'ibisata vyari bisanzwe bizwi ko vyomonogoje mu kurya ibiturire, igiporisi,ubutungane mubatozakori n'amadouani, igisata co gutanga akazi catewe n'akaranga ko kurya ibiturire. Kuronka akazi ngo ntivyoroshe utari mu mugambwe uri k'ubutegetsi canke udatanze amafaranga.. Ayo mashirahamwe yigenga avuga ko amazu aguma aduzwa n'abantu bari ku rushi, ubukene bukabandanya bwiyongera, kuba mu bisagara nka Bujumbura navyo bikabandanya biba ingorane.

Mu vy'ubutunzi ivyandikwa n'abakurikirana ivy'ico gisata vyerekana ko ibiciro vyagiye biguga ku masoko incuro zirenga cumi n'umunani,amafaranga y'Uburundi akagenda ata agaciro ku buryo amafaranga amajana abiri y'amarundi muri kino gihe ari musi y'amafaranga ijana y'igihugu kibanyi c'urwanda. Ibinyobwa vy'ihinguriro BRARUDI n'igitoro vyadugijwe incuro zirenga zibiri mur'uwu mwaka w'i2O10. Ivyo biciro iyo biduze n'ibindi biribwa bica biduga. Bivuye ku matora yamaze amezi atanu, Abarundi barataye akazi cane nk'uko vyerekanwa n'ishirahamwe OAG rikurikirana ibikorwa vya reta, gurtyo umwimbu uragabanuka ku bice OAG iterekana neza. Ibije mirongo itanu na kimwe kw'ijana vy'amafaranga reta ikoresha vyabandanije bisabwa hanze ku bagenzi n'abasanzwe bafasha Uburundi no mu nteguro y'itegeko rigenga amafaranga reta izokoresha mu mwaka w'i 2011 Uburundi buze inze ibice birenga mirongo itanu kw'ijana. Reta izeye kandi cane kuduza umwimbu biciye ku kigo gishasha OBR cashinzwe mu ntumbero yo kugwiza amafaranga yinjira mu kigega. Mu mabanki no mu masoko vyagiye vyibonekeza ko abahangendera atari umurengera kuko vyashi aho usanga abadandaza bamwe bamwe canke abajejwe kwakira abantu bari mu gatiro abandi basokoza bisiga basubira. Ntitwokwibagira idandazwa ry'amazu y'abadandaza bakoze bahomba n'ubu rigiteye ingorane hagati yabo n'amabanki yabahaye ingurane.

Kubera ingone z'ubutunzi kwinjiza abakozi bashasha vyarahagaze mu bushikiranganji bw'akazi, igishoboka muri kino gihe akaba ari gusubiriza abapfuye canke abikuye mu kazi.

Mu burimyi n'ubworozi ,abakurikirana ico gisata barateye akomo mu kwezi kw'icumi bavuga ko umwimbu w'ibiterwa wagabanutse ibice mirongo ine mw'ijana. Amafarnga ahabwa igisata c'uburimyi n'ubworozi cagumye ku bice bine kw'ijana vy'amafaranga reta ikoresha n'ubwo mu mwaka w'i 2011 ayo mafaranga ategekanywa kuja ku bice bitandatu kw'ijana. Mu Burundi umurimyi bubeshejeho abanyagihugu barenga ibice mirongo icenda na bitanu kw'ijana ariko ico gisata kibandanya gisubira inyuma; imvo nyamukuru n'uko isi yabandanije kwaga mu gihe abantu babandanije kwiyongera,isi yaratituste, umwavu uduga ibiciro. Reta yarabandanije kwigisha kuvyara ku rugero no kurima hisunzwe ubuhinga bwa none. Umukuru w'igihugu ari mu bariko batanga akarorero mur'iyo ntumbero ku buryo arima amatongo menshi harimwo no kukirimba, iyo yimbura ahamagara maradiyo n'ama televiziyo agahimiriza n'abandi bategetsi kugira nkawe. Ukugabanuka k'umwimbu n'ubukene vyatumye imiryango myinshi ibandanya gufungura rimwe ku musi. Kunagura ubworozi bwasinzikajwe cane n'intambara vyarabandanije ariko ico gikorwa ntikirashika ku ntambwe ishimishije mu ntara nyinshi.

XS
SM
MD
LG