Uko wahagera

Siriya: Amerika Yamagana Abarenga ku Masezerano


Syria Talks
Syria Talks

Reta Zunze Ubumwe z’Amerika iriyamiriza inyifato ya reta ya Siriya mu kubuza ko imfashanyo zishikira abanyagihugu hamwe no kubandanya ibitero vy’indege vyibasira aba sivile.

Umuvugizi wa Deparetema ya Reta ya Amerika John Kirby yamenyesheje ejo kuwa kabiri ko reta ya Siriya yihaye ingendo yo kuza irasokora imiti mu mfashanyo zigenewe abanyagihugu.

Iryo negura rya Amerika ribaye mugihe intumwa ya ONU muri Siriya ari mu mugambi wo gusubira gutumako ibiganiro hagati ya reta ya Siriya n’abatavugarumwe nayo.

Ibiganiro bitegekanijwe kubera I Jeneve mu Bu Suwisi ku musi wa mbere.

Igice ca mbere c’ibiganiro cahagaze mu ntango y’ukwezi kwa kabiri, mugihe abatavugarumwe na reta bagiriza Siriya n’Uburusiya kugaba ibitero kubabarwanya reta aho kubitumbereze k’umuhari wa Reta ya Kiyisilamu.

XS
SM
MD
LG