Uko wahagera

Umugambwe ZANU-PF mu Nzira y'Ugukombora Mugabe


Perezida Mugabe
Perezida Mugabe

Umugambwe uri ku butegetsi mu gihugu ca Zimbabwe ZANU-PF,uzotanguza ivyerekeye gukombora perezida Robert Mugabe ejo ku musi wa kabiri.

Iyo ngingo yafashwe inyuma yaho Mugabe agwirije n'ubusa ikiringo ntarengwako c’uno wa mbere yari yahawe n'uyo mu gambwe akaba yatanze imihoho.

Kuri uno wa Mungu,abantu imiliyoni n’imiliyoni bunvirije ijambo Mugabe yashikirije kuri televiziyo, biteze kurara basezereye ico bita "Intwaro y' igikenye" imaze imyaka mirongo itatu n’indwi muri Zimbabwe. Yamara, ku buryo butomoye, Perezida Mugabe yavuze ko ata migambi afise yo kwegura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG