Uko wahagera

Siriya Yigaruriye Igisagara Ca Daraa


Umurwanyi arwanya reta ya Siriya ku rugamba bu buseruko bw'intara ya Daraa, itariki 10/07/2018.
Umurwanyi arwanya reta ya Siriya ku rugamba bu buseruko bw'intara ya Daraa, itariki 10/07/2018.

Televiziyo ya Siriya yatangaje ko abasirikare badugije idarapo hafi y’ibiro vya posita biri mu gisagara ca Daraa giherereye mu bumanuko bw'igihugu.

Iyo nyubakwa ya posita ni yo nyubakwa ya mbere yegukira Reta yafashwe n'imirwi yitwaje ibirwanisho mu bitero vyayo vya mbere vyo mu 2011.

Ku wa kabiri, televiziyo y'igihugu muri Siriya yari yatangaje ko abarwanyi barwanira mu gisagara ca Daraa bemeye gushira hasi ibigwanisho.

Reta yatangaje icese uno munsi ko abarwanyi bemeye kurekura igisagara ca Darra.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG