Uko wahagera

Perezida Nkurunziza Yemeje ko Atazokwitoza mu 2020


Perezida w'Uburundi
Perezida w'Uburundi

Kuri uno wa kane umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yashize umukono kw'ibwirizwa shingiro rihinyanyuwe riherutse kwemezwa na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro.

Perezida Nkurunziza Yemeje ko Atazokwitoza mu 2020
please wait

No media source currently available

0:00 0:00:31 0:00

Mw’ijambo yashikirije amaze gutera umukono kuri iryo bwirizwa nshingiro nkuko tubisoma ku rubuga rwa twitter rw'umwe mu bahanuzi mu biro vyiwe, Nkurunziza yavuze ko azokinjura mu 2020 : "Nkuko nabisezeranye aho narahira mu 2015, ikiringo canje nk'Umukuru w'Igihugu c'Uburundi kizohera mu mwaka mu 2020. Niyemeje kuzoshigikira Perezida Abarundi muzokwitorera."

Ibwirizwa nshingiro rihinyanyuwe ryaterewe igikumu mu ngoro y'umukuru w'igihugu iri muri komine Bugendana y'intara ya Gitega mu Burundi. Ni ubwambere mu mateka y'Uburundi itegeko rikomeye riterewe igikumu hagati mu gihugu c'Uburundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG