Uko wahagera

Nyamugigima Yahitanye Abarenga 300 muri Irani na Iraki


Zimwe mu NYubakwa Zasenyuwe na Nyamugigima
Zimwe mu NYubakwa Zasenyuwe na Nyamugigima

Itangazamakuru ry’igihugu ca Irani ryemeza ko nyamugigima yunvikanye ku musi w’Imana ku rubibe igihugu ca Iraki gihana na Irani yahitanye abagera ku 328, ikomeretsa abashika ku 2500.

Benshi mu bahitanywe n'iyo nyamugigima, baba mu gisagara ca Sarpol-e-Zahab mu ntara ya Kermanshah muri Irani.

Ikigo kijejwe gukwirikirana ibinyamugigima co muri Amerika, catangaje ko iyo nyamugigima yasize ibisagara bitari bike mu mw'ijima yapima manyitide 7,3.

Abategetsi b’ivyo bihugu bavuga ko ivyononekaye hamwe n’ibitigiri vy’abapfuye bishobora kwiyongera mu gihe abatabara babandanya gushika mu bisagara n’imihana ya kure.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG